Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 3:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

riti Mwana w’umuntu, abasigaye baba mu matongo yo mu gihugu c’i Bgisirayeli baravuga, ngo Aburahamu yar’ umwe, ariko yahawe igihugu kw ishamvu; nkanswe tweho turi benshi, natwe turagihabga kuba ishamvu yacu.


kukw imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi,


Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?


Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya.


Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu?


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Baramwishura, bati Tur’ uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’ uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?


Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n’abāvugishwa n’Imana na bo bakaba bārapfuye: wiyita nde?


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Simoni yabīgāniye ingen’ Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ ubgoko bg’izina ryayo.


None rero, ico twovuga yuko Aburahamu sogokuruza ku mubiri yaronse n’igiki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ