8 Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.
8 Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,
None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.
Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.
Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.
Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.
Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.
kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco,
kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.
mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.