Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 3:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramwishura, bati Yar’ umuntu yakatse ivyoya, kandi yar’ akenyeje umukanda w’urusato. Aravuga, at’ Uwo ni Eliya w’i Tishubi.


ico gihe ni ho Uhoraho yavugiye muri Yesaya mwene Amosi, aramubgira, ati Genda ukenyurure igunira ukenyeye mu nda, ukūre n’inkweto mu birenge vyawe. Abigenza artyo, agenda yambaye ubusa, atagira n’inkweto.


Utwo mwemererwa kurya muri two n’uruzige, nk’ukw amoko yazo ari, n’utundi tumeze nka rwo twitwa solamu na harugoli na hagabu, nk’ukw amoko yatwo ari.


Nuko kur’ uwo musi abīgira abavugishwa n’Imana bazogira isoni z’ivyo bārose, umuntu wese muri bo akirikw arabivuga; kandi ntibazoba bacambara insāto zo guhumbagura:


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Kuko Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bat’ Ahagazweko na dayimoni.


Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.


Kandi Yohana yambara ubgoya bg’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bgo mw ishamba.


Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.


Yabahaye kugenda bajandagira ku mpinga z’imisozi yo mu gihugu, Barya ivyeze vyo mu mirima; Abaha kuvotagira ubūki bgo mu bitandara, N’amavuta ya elayo ava mu rutare rukomeye;


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ