Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 3:12
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?


Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.


Babe nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga, Kand’ umumarayika w’Uhoraho abirukane.


Umunyenkomezi azohinduka nk’ibisūsūrwa, n’igikorwa ciwe nk’ isase ry’umuriro; vyompi bizohīra hamwe, kandi nta wuzobizimya.


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Nta burake mfise. Iyaba imikere n’ amahwa vyari bimpagurukiye kuntera, nobirwanije nkabiyigiriza hamwe:


Mbeg’ impeke z’umutsima mu gusekura barazimenagura? Ereg’ umuntu ntiyokwama arazihūra: mbere naho yozitembagazako ikurudumu y’umukogote wiwe n’amafarasi yiwe, yirinda kutazimenagura.


Inka n’indogoba z’imikangara zirima zizorya ivyo kurya birimw’ umunyu, bigosojwe urutaro n’igitemere.


Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.


Nabagosoje urutaro ku marembo y’igihugu; nabakūyekw ibibondo, mponnya abantu banje: ariko ntibāhindukira ngo bave mu nzira zabo mbi.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Ico gihe hazobarirwa ubu bgoko n’i Yerusalemu, ng’ Umuyaga w’indugumba uturutse mu ruharabuga rwo ku mpinga z’imisozi yo mu bugaragwa uje utōmereye wa mukobga, ari bo bantu banje, kandi ntuzoba nk’uwo gutumura umuguruka cank’ uwo kugosora intete;


Kandi nzorungika i Babuloni abagosozi bazohagosora, kand’ igihugu caho bazogicacura, gisēswe: kuko ku musi w’ivyago bazohakikiza impande zose.


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Mureke bikurane vyompi gushitsa mw igenya. Maze mu gihe c’igenya nzobgira abagenyi, nti Mubanze mutororokanye urwamfu, muruhambire imikama, muruturire; arik’ uburo mubgimburire mu kigega canje.


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Bun’ abagororotsi bazokwaka nk’izuba mu bgami bga Se. Ūri n’amatwi ni yumve.


Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngw akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ