Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 3:11
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha.


Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.


Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakūrwekw ivyaha:


Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.


Uyo ni we navuze, nt’ Inyuma yanje hazoza umuntu yar’ uw’ imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.


Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.


Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.


Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [


Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza.


Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ