Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:52 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:52
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusi ur’ izina, harih’ abāri bagiye guhamba umuntu; bagize bartya, babona haje igitero; bashiburira uwo muvyimba mw isenga yahambgemwo Elisa, maz’ uwo muvyimba ugikora ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca ararabūka, ava hasi, arahagarara.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


Ni co gituma muri mwebge benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kand’ abatari bake bakaba bārapfuye.


Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.


Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,


Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw abāsinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we.


ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ