Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,
Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.
Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,
Baramwishura, bat’ Ikituzanye n’ukugufata ngo tukubohe, tugutange mu maboko y’ Abafilisitiya. Samusoni arabishura, ati Ni mundahire ko mutanyica mwebge ubganyu.