Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 27:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umutwenzi utambitse abaherezi bakuru bose n’abashingantahe b’ubgo bgoko bagīra inama Yesu ngo bamwice.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 27:1
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Kuko numvise benshi bandementaniriza, Ubgoba kukantera irya n’ino; Hamwe bangīra inama Barondera ingene bonyica.


Kukw abansi banje bamvuga, Ababundira ubugingo bganje baja inama:


Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.


Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.


Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b’ubgo bgoko, ni bo baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bamujana mw ikombe ryabo, baramubaza,


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Babarira ab’i Gaza, bati Samusoni ashitse hano. Baramuryamira, barāra bamutegeye kw irembo ry’igisagara, bakēsha ijoro ryose banumye, bati Tubanze turorēre buce, duheze tumwice.


Maze Sauli atuma abantu ngo baje kwa Dawidi, bamuryamire, kugira ngo ni bgāca bamwice. Maze Mikali, muka Dawidi, aramubarira, at’ Iri joro n’utanyaga amagara, ejo bazokwica.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ