Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yesu arabishura, ati Mwirinde, ntihagire ūbazimiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yesu arababwira ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:4
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ntimwihende, mut’ Abakaludaya bazotuvako nta kabuza: kuko batazobavako.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe, ni vyashoboka.


Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.


Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,


Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ