Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.
Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,