Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 24:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 24:2
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.


None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ