Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ abgira abagendanyi biwe, at’ Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Hanyuma abwira abakozi biwe ati: ‘Amazimano y’ubukwe yateguwe, ariko abo natumiye nta n’umwe agomba kuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:8
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


arikw abemerewe gushika muri ya si yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ