Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Maze umwami araraka cane, aca arungika ingabo ziwe kwica izo nkozi z’ibibi, bongera batongoza umuriro igisagara cazo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:7
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Kandi nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zāraraye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica.


Maz’ abgira abagendanyi biwe, at’ Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’ abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’ abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ