Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi hamwe n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Ingaburo y’imboga irimw’ urukundo Iruta inyama z’inka inuze zirimw’ urwanko.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


Yongera gutuma abandi bakozi barengeye aba mbere; babagira kuno.


Ariko barirengagiza barīgīra, umwe aja mw itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe.


Maz’ abgira abagendanyi biwe, at’ Ubukwe buriteguwe, arikw abābutorewe ntibāri babukwiye.


igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abātowe, ngo Ni muze, kuko bihejeje gutegurwa.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ