Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 22:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 22:3
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami Imana yaravuze: Abagore bakwiza inkuru baba ingabo nyinshi.


Umwami Uhoraho, Uwera w’Abisirayeli, uku ni ko yari yaravuze, ati Mu guhindukira no mu gutēkāna ni ho muzokirira; mu gutekereza no mu vyizigiro ni ho muzoherwa inkomezi; ariko mwebge ntimwabikunze.


Kand’ Uhoraho yabatumyekw abasavyi biwe bose abo yavugisha, yama azindurwa no kubatuma, namwe ntimwumve, canke ngo mutege amatwi ngo mwumvirize;


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.


Nukw igihe c’iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe.


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


Araraka, yanka kwinjira: se arasohoka, aramwinginga.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ