Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ategeranya n’abakozi ku musi kubaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze bumvikana ko aja kubahemba idenariyo imwe kuri uwo musi, hanyuma arabarungika mu ruzabibu rwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 20:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, akir’ umwana, yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi; maze mu mwaka ugira icumi na kabiri atangura gutunganya i Buyuda n’i Yerusalemu, ahakūra ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, n’inkingi bāshingiye Ashera, n’ibishushanyo bibājwe bo n’ivyavugutiwe mu nkero;


Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


Uno muntu asohotse, abona mugenzi we yamurīriye umwenda w’idenariyo ijana; aramufata, amugwa mu gahogo, ati Nyishura ivyo umperaniye.


Ubgami bgo mw ijuru busa na nyen’ urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe.


Na we yishura umwe muri bo, ati Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe?


Nko kw isaha zitatu aragenda, abona abandi bīhagarariye mu kaguriro ata co bakora.


Abaje kw isaha cumi n’imwe bahabga idenariyo imwe‐imwe.


Ni munyereke ihera ry’ikori. Bamuzanira idenariyo.


Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.


Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe.


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Bukeye agoborora idenariyo zibiri, aziha nyen’ indāro, at’ Umurwaze, kand’ ivy’ uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura.


ati Ni munyereke idenariyo; igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo n’ivya nde? Bati N’ivya Kayisari.


kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.


Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.


Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.


Nuk’ Uhoraho asubira kwiyerekanira i Shilo, kukw i Shilo nyene ari ho Uhoraho yihishuririra Samweli mw ijambo ryiwe. Kand’ ijambo rya Samweli rishika ku Bisirayeli bose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ