Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 ‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda, nturi mutoya mu bisagara vya Yuda, kuko muri wewe hazokomoka umurongozi azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


na Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti‐gaderi.


ubukuru bg’imfura bgar’ ubga Yosefu koko, ariko Yuda yar’ akomeye gusumba bene se, kandi kuri we ni ho handurutse segaba.


Ab’i Betelehemu n’ijana na mirongwibiri na batatu.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Muri Yakobo hazova ūganza, Azogeseza amasigarira yo mu bisagara.


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje.


Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?


Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,


Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero: kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngw abe agaheta muri vyose.


Birazwi yuk’ Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kand’ uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c’ubuherezi.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


azoyaragiza inkoni y’icuma, nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba; nk’uko nanje nahawe na Data.


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ