Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:23
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iki ni co cagezwe co ku Munaziri, igihe arangije imisi y’ubunaziri bgiwe: az’ azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro,


Ivyo vyose vyabaye birtyo ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k’uwavugishwa na we biboneke,


Abo mw ishengero barabishura, bat’ Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya.


Yungururije mu bikingi vy’irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abar’ aho, iti N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.


ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.


Mur’ iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani.


Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti,


Barayibgira, bati Ni Yesu Umunyanazareti ahita.


Banonosoye vyose nk’ukw ivyagezwe n’Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti.


Na bo baramwishura, bati Yesu Umunyanazareti. Arababgira, ati Ni jewe. Kandi Yuda, amugura, yar’ ahagararanye na bo.


Na we asubira kubabaza, ati Murondera nde? Na bo bati Yesu Umunyanazareti.


Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W’ABAYUDA.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


kukw ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’ uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ