Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 amubwira ati: “Haguruka ujane umwana na nyina usubire mu gihugu ca Isirayeli, kuko abahora barondera kwica uwo mwana bamaze gupfa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:20
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Hadadi yumvise ko Dawidi yatanze, agahamvya ba sekuruza, kandi ko Yowabu umugabisha w’ingabo yapfuye, avyumviye muri Egiputa, araheza abarira Farawo, ati Ndekura ngende, nsubire mu gihugu c’i wacu.


Nuko Salomo arondera ingene yokwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu ava hasi, ahungira muri Egiputa kwa Shishaki umwami wa Egiputa; agumayo gushitsa Salomo atanze.


Uhoraho abarira Mose ar’ i Midiyani, ati Genda subira muri Egiputa, kukw abantu bose bāgomba kukwica bapfuye.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.


Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa,


Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c’i Bgisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ