Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Herode abonye ko ba banyabwenge mu vy’inyenyeri mu buseruko bamuhenze, arashavura cane, aca arungika abasoda kwica abana bose b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza akurikije igihe yabonaniye na ba banyabwenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:16
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

atabaza abagabo b’abanyarugo, arababarira, at’ Ehe rāba yatuzaniye Umuheburayo wo kudukēngēra! Yaje iyo ndi ngw aryamane nanje, ndaheza ntabaza n’ijwi rirenga:


Maz’ amubgira amagambo amwe n’ayo, ati Wa mugurano w’ Umuheburayo watuzanira yazanywe iyo ndi n’agakēngērwe.


Uburake bgabo burakavumwa, kukw ari bginshi, N’ubushangashirwe bgabo, kukw ar’ubg’ agashinyaguro. Nzobakwiragiza mu ba Yakobo, Mbashwiragirize mu Bisirayeli.


Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.


Mpindutse nk’agatwengo kuri bagenzi banje: Nahora ntabaza Imana, ikantabara, Nd’ umugororotsi, nd’ umuntu atunganye, none mpindutse agatwengo.


Ūtwaza ituntu abantu b’abafafara Ameze nk’intambge yivuga, n’igikōko citwa idubu yābagizwa n’inzara.


Umuntu arikw amaraso y’ uwundi Azokwama ahunga arinde ashika i kuzimu; ntihaze hagire ūmubuza.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.


Ni co gituma hazoba imivurungano mu bgoko bganyu, kand’ ibihome vyanyu vyose bizosangangurwa, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti‐Arubeli ku musi w’intambara, ah’ umuvyeyi yavunaguranwa n’abana biwe.


Balamu arayishura, ati N’uk’ urik’ uramfyinako. Iyo mba mfise inkota mu ntoke, mba nkwishe aka kanya!


Maz’ uburake bga Balaki buziriringira Balamu, akubita amashi ku yandi; abarira Balamu, ati Naguhamagariye kumvumira abansi, non’ ehe rāba, urabahezagiye gusa ibihetangabo gatatu kose!


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye,


Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Maze Delila abarira Samusoni, at’ Ereg’ urampenze, umbariye ibinyoma! Enda se, ndakwinginze, mbarira icoshobora kukuboha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ