Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:13
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe Hadadi ahungana n’Abanyedomu bamwe bo mu bantu ba se, kugira ngw ahungire muri Egiputa; kandi Hadadi uwo yar’ akir’ umwana w’umuyabaga.


Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.


Mu nzozi, mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, Bisinziriye ku mariri yabo;


Kugira ngw igaburuze umuntu imigabo yiwe, Imurinde ubgibone.


Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.


Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.


Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa,


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Ariko yumvise yuko Arukelayo yimye i Yudaya, asubiye ku ngoma ya se Herode, atinya kujayo. Abgiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy’i Galilaya.


Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:


Akenge kagarutse, Petero aribgira, ati Noneho mmenye vy’ukuri yuk’ Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n’ivyo ubgoko bg’Abayuda bgāri bushamāje vyose.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.


Umurinzi w’imbohe abarira Paulo ayo majambo, at’ Abacamanza baratumye ngo murekurwe, nuko rero ni musohoke, mwīgīre amahoro.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Uwo mwami agirira ubugunge ubgoko bgacu, agirira ba sogokuruza nabi, abateshereza abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.


Maz’ abaherezi barerura isandugu y’ Uhoraho Nyen’ isi yose ni bashinga ibirenge mu mazi ya Yorodani, amazi yarwo ava ruguru aca yīmīrwa, yirundanye.


Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho bahagarara muri Yorodani hūmūtse, maz’ Abisirayeli bose bajabukira ahūmūtse, kugeza ah’ abantu bose barangirije kujabuka Yorodani.


Kukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bari bahagaze muri Yorodani, gushitsa ah’ ivyo Uhoraho yabariye Yosuwa kubgira abantu vyarangiriye vyose, bihwanye n’ivyo Mose yari yarabariye Yosuwa vyose: nuko ni kw abantu bihuse, barajabuka.


Maz’ abaherezi bareruye iyo sandugu y’ isezerano ry’Uhoraho bavuye muri Yorodani, bashitse i musozi, amazi ya Yorodani asubira gutemba aho yahora, arenga inkombe, nk’uko yar’ asanzwe.


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ