Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:11
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Se Isirayeli arababgira, at’ Enda ko bimeze birtyo, ni mugenze murtya: mujane mu magunira yanyu ibiba mur’ iki gihugu birusha ibindi kuba vyiza, mubishīre uwo mugabo kw ingemurano: umuti wo gusomōra ugeze, n’ ubūki bugeze, n’imibavu, n’isenga, n’ibiyoba, na shakedi;


Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu ingana n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.


Nukw ashika i Yerusalemu agendaniwe n’abantu benshi b’ isinzi, afise n’ingamiya zīremētse imibavu n’amazahabu menshi cane n’utubuyenge tw’igiciro kinini. Ashitse kwa Salomo amudondorera ivyari mu mutima wiwe vyose.


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Impuzu zawe zose zitāmirana isenga n’imbazi na kesiya, Mu ngoro zisharijwe n’amahembe y’inzovu, inanga ziraguhimbaye.


Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.


Nukw azoramba, kandi bazomukūrira kw izahabu y’i Sheba; Bamusengere urudaca, Bamuhezagire burinde bgīra.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


at’ Uze wābīre imibavu iruta iyindi, ni yo iyi: isenga ishongerana igezwe kuri shekeli amajana atanu, bo n’ikigabane c’urwo rugero, ari zo shekeli amajana abiri na mirongwitanu, ca mudarasini imota neza; wābīre na kanehe imota neza igezwe kuri shekeli amajana abiri na mirongwitanu nyene,


Uhoraho abarira Mose, at’ Uze wābīre ibintu bimoga, ni vy’ibi: natalu, na sheheleti, na helebena: ivyo bintu bimoga ubivange na lebona itagira indobeke; vyose binganye uburemerezi;


Uriya ni nde, adūga avuye mu bugaragwa Ameze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi, Atāmirana isenga n’imibavu, N’ibimota neza vyose vy’ ibidandazwa?


Isinzi ry’ingamiya rizogutwikira, inyana z’ingamiya z’i Midiyani n’izo muri Efa. Abaturutse i Sheba bose bazoza, bazoba bazanye izahabu n’imibavu, bavuge inkuru nziza z’ishimwe ry’Uhoraho.


Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;


kand’ utwo dukombe tw’izahabu twari twuzuye imibavu, ukw ari cumi na tubiri, kuriba kwatwo kamwe‐kamwe ni shekeli cumi, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; amazahabu yose na yose utwo dukombe twavuyemwo, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwibiri.


Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Abāri mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana.


Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane.


barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.


Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubīkiriwe mu bgato bg’inka.


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Kandi haza na Nikodemo, umwe yaza kuri Yesu mw ijoro ubga mbere, azana ikivange c’isenga n’imbazi nk’ibilo mirongwitanu.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ