Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 2:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihugu cabo cāhēra i Mesha, kikagenda kirābana n’i Sefaru, gushitsa ku musozi w’i burasirazuba.


Arikw abana bo ku ncoreke Aburahamu yar’ afise, arabagabira; araheza arabarungika, akiriho, ngw abatandukanye na Isaka umwana wiwe, bagende berekeye i burasirazuba, baje mu gihugu c’i burasirazuba nyene.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’ abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’ Abanyegiputa bgose.


na Saluma se wa Betelehemu, na Harefu se wa Beti‐gaderi.


Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Kandi ntiyigera amwēgēra gushitsa aho yavyariye umwana w’umuhungu; araheza amwita YESU.


Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.


Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa,


Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose.


Bati N’i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ni ko vyanditswe n’umuntu yavugishwa n’Imana,


Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.


Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw ijuru, nya bungere baravugana, bati Ngo rero tuje i Betelehemu, turābe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.


Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?


Kandi hārih’ umusore w’i Betelehemu h’i Buyuda wo mu muryango wa Yuda w’Umulewi, yari yaje ngaho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ