Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 18:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore urite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo upfuye ijisho, hak’ utererwa muri Gehinomu y’umuriro ufise amaso yompi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kandi nimba ijisho ryawe rituma ukora icaha, rinogore urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ijisho rimwe hako utererwa mu muriro wa Gehinomu ufise amaso yompi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 18:9
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


Ukuboko kwawe cank’ ikirenge cawe ni hagira ikigutsitaza muri vyo, ugice, ugite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo cank’ ikirenge, hak’ utererwa mu muriro utazima ufise amaboko yompi n’ibirenge vyompi.


Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.


N’ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bgami bg’Imana upfuye ijisho, hāk’ utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi:


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ