2 Ahamagara akana, agahagarika hagati yabo,
2 Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo.
Nuko none, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wanyimitse mu gishingo ca data Dawidi, naho nkir’ umwana muto gusa; sinzi iyo bija n’iyo biva.
Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.
Mur’ uwo mwanya abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Umukuru mu bgami bgo mw ijuru ni nde?
arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.