Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:5
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho yishurira Yobu mu gashururu,


Waratakamvye ugowe, ndakurokora: Nakwishuye nihishije mu nkuba: Nakugeragereje ku mazi y’i Meriba. Sela.


Ijwi ry’ inzamba rirushirije kurengēra, Mose aravuga, Imana imwishura mw ijwi rirenga.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


Vyahimbaye Uhoraho kudūza ivyagezwe no kuvyubahiriza, kubg’ ukugororoka kwiwe.


ngo Nguyu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga.


Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.


Maz’ igicu kiraza kibatera igitūtu, ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, ni mumwumve.


Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.


Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.


Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe,


Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.


Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


Ati Kand’ ūtazokwumvira amajambo yanje uyo azovuga mw izina ryanje, nzobimuhōra.


Ayo majambo Uhoraho yayababgiye mukoraniye hamwe mwese kuri wa musozi, ntiyagira ikindi yongera kuri yo; ayavugisha ijwi rirenga, ayavugiye mu muriro, no muri ca gicu c’igipfungu, no mu mwiza w’ umuzimagiza. Araheza ayandika ku bisate bibiri vy’ amabuye, arabimpa.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ