Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze Mose na Eliya barababonekera, bavugana na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ubwo nyene baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 17:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Petero abgira Yesu, ati Mugenzi, bitubereye vyiza ko turi hano: ni wabigomba ndaca insago zitatu hano, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya.


Maze Eliya na Mose barabiyereka, bavugana na Yesu.


Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Bagira batandukane na we, Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. Ntiyar’ azi ico avuga.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.


Kandi mu Bisirayeli ntihigeze kuboncka ūvugishwa n’Imana ahwanye na Mose, uwo Uhoraho yibonanira na we imbonankubone.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ