Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 15:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’ yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 15:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Ūvuma se canke nyina Itara ryiwe rizozimirizwa mu mwiza w’umuzitanya.


Wumvire so yakuvyaye, Kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.


Na we arababaza, ati None mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubg’ imigenzo yanyu?


Ariko mweho, mugira mut’ Umuntu wese abgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana,


wubahe so na nyoko, kand’ ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Mbega non’ ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba: ushime turabigumisha.


Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ