Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 14:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Bun’ umwami arijirwa; ariko kubga za ndahiro, no kubg’ abāsangira na we, abgiriza ko bawumuha;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 14:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’ umutima wawe woye gushushudikanya kw ijambo na rimwe imbere y’Imana; kukw Imana iri mw ijuru, nawe ukaba kw isi: nuko rer’ amajambo yawe abe make.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwebge n’abagore banyu mwavugishije akanwa kanyu, mubishikisha amaboko yanyu, muti Ntituzobura gushitsa amasezerano twasezeranye yo kwosereza imibavu umwamikazi wo mw ijuru, no kumusukira ibiturire: enda rero ni mukomeze amasezerano yanyu! Enda ayo masezerano yanyu muyashitse!


Mur’ ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.


Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana.


Na we amaze kwoshwa na nyina, ati Mpēra ngaha ku mubehe umutwe wa Yohana Umubatizi.


Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.


kuko Herode yatinya Yohana, amuzi kw agororotse kand’ ar’ umuntu yera, aramurinda: iy’ amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.


Umwami arababara cane, ariko kubga za ndahiro ziwe, no kubg’ abāsangira na we, bimunanira kuwumwima.


Arababarira, ati Genda mubgire iyo mbgebge, mut’ Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose.


Maz’ amezi abiri ashize, agaruka kwa se, na we amugenza nk’ukw isezerano yasezeranye riri; kandi ntiyari yarīgeze kumenya icitwa umugabo. Bica biba umugenzo mu Bisirayeli, uk’ umwaka utashe:


Kand’ Abisirayeli bāri bararahiriye i Misipa, bati Nta muntu n’umwe muri twebge azoshingira umwana wiwe Umubenyamini.


Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.


Maz’ umwe mur’ abo bantu aramubarira, at’ Erega so yari yihanikirije abantu, arabarahiza, ngo Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira uyu musi. Kand’ abantu bari badendebukiwe.


Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije!


Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ