Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw ibohero kubga Herodiya, muka Filipo mwene se.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 14:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yohana ari mu nzu y’imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza,


Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobga wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.


Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.


Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.


Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije.


Ni co catumye Herodiya amugirira akazīka, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo:


Umukobga wa Herodiya nyene arinjira aratamba, Herode n’abashitsi biwe baramushima. Umwami abgira uwo mukobga, ati Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha.


Arabihanikiriza, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode.


Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.


Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira, bati Va hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.


Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato.


Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.


Maze nko mur’ ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw ishengero ngw abagirire nabi.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ