Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:57 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

57 Ivyiwe birabatsitaza. Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo no mu nzu y’i wabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

57 Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera. Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:57
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Nukw azobabera ahēra; arikw azobera inzu zompi z’Abisirayeli ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha, abere n’ababa i Yerusalemu ururiba n’ umutego.


Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubg’ ukutizera kwabo.


Avayo, aja mu ntāra y’i wabo, abigishwa biwe baramukurikira.


Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


Yesu arababgira, at’ Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo, no mu muryango w’i wabo, no mu nzu y’i wabo.


Kand’ ati Ndababgire ukuri, Nta muntu avugishwa n’Imana yemerwa mu ntāra y’i wabo.


Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.


Kandi Yesu ubgiwe yashinze intahe yuk’ umuntu avugishwa n’Imana atagira icubahiro mu ntāra y’i wabo.


Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Yesu amenye mu mutima kw abigishwa biwe bidodomba ivyo, arababaza, ati Mbeg’ ivyo birabatsitaje?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ