Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 13:52 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 13:52
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko Ezira yari yarīnāmūye mu mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa n’amatēka.


Kandi jewe umwami Aritazeruzi, mbariye abazezwabintu banje bose bo hakurya y’ uruzi, ku vya Ezira umuherezi, umwanditsi w’ivyagezwe vy’Imana Nyen’ ijuru, yukw ivy’ azobāka vyose bizohora bitanganwa umwete,


uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


Imbuto y’umugororotsi n’igiti c’ubugingo, Kand’ ūfise ubgenge ahindura imitima y’abantu.


Iminwa y’abanyabgenge ikwiza ubgenge, Arik’ umutima w’ibipfu si k’umeze.


Amajambo yo mu kanwa k’ umuntu ni nk’amazi y’ibenga, Isōko y’ubgenge ni nk’akūzi gasūma.


Amadudayimu aratāmirana; Kw irembo ryacu har’ ivyamye vy’igiciro vy’imyuga myinshi, bisha bo n’ivya kera, Ivyo nakuziganirije, ewe mukunzi wanje.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ryiwe ribi.


Mbeg’ ivyo murabitahuye vyose? Baramwishura, bat’ Ego me.


Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Ni co catumye Imana ivugisha ubgenge bgayo, iti Nzobatumakw abo mvugisha n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama,


Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


nk’uko mwigishijwe na Epafura uwo dukunda, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu,


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko.


agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu, kugira ngw abone guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhāririza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ