6 Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
6 Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”
Hahirwa abagenda batunganye, Bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.
ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.
Isi izobona ibara kubg’ ibitsitaza, kukw ivyo bitsitaza bitazobura kuza, arik’ uyo muntu azana igitsitaza azobona ibara.
Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.
Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.
Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.
Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.
Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,
Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe.
Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.
Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.
Ariko jewe, bene Data, namba nkibarira abantu gukebga, n’iki gituma ngihamwa? Igitsitaza c’umusaraba kiba carahindutse ubusa.
N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.