Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 11:5
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!


Uhoraho ni we ahumūra impumyi; Uhoraho ni we yēmesha abahetamye; Uhoraho ni we akunda abagororotsi;


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?


Kur’ uwo musi ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo mu gitabo, n’amaso y’impumyi azoca umwiza n’umuzitanya abone.


Kand’ abaciye bugufi na bo bazogwiza umunezero banezererwa Uhoraho, n’abakene bo mu bantu bazohimbarwa n’Uwera w’Abisirayeli.


Sohora impumyi zifise amaso, n’ibipfamatwi bifise amatwi.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


Yesu arabishura, ati Ni mugende mubarire Yohana ivyo mwumva n’ivyo mubona.


Maz’ abgira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira, gukomera nk’ukundi.


Maz’ impumyi n’abacumbagira baza kuri we mu rusengero, arabakiza.


ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.


Amaso yabo arahumūka. Yesu arabihanikiriza, ati Murumva, ntihagire umuntu abimenya.


Baratangara cane, baravuga, bat’ Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’ avugisha ibiragi.


Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.


ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.


Kandi yar’i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ