7 Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
7 Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’
Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;
Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.
Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.
None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.
Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [
ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana.
Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.
Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye:
Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bgiza, bakiriza abarwaye hose.
Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.
uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.
Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira.
akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.
bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.