Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 10:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Narahuvye nk’intama izimiye: rondera umusavyi wawe, Kuko ntibagira amabgirizwa yawe.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa.


Abantu banje bābaye intama zizimiye; abungere babo bārabajimije, bābahubirije ku misozi: bāva ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bgabo.


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Īdakomeye ntimwayisindagije, n’īrwaye ntimwayivūye, n’īvunitse ntimwayunze, n’iyirukanywe ntimwayigarukanye, canke ngo murondere iyazimiye; ariko mwazitwaje igitugu n’amanyama.


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Kand’ Umwana w’umuntu yaje gukiza icari cazimiye.]


kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ