Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 10:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Uwākīra umuntu avugishwa n’Imana kukw avugishwa na yo azohabga impēra nk’iy’ ūvugishwa n’Imana; uwākīra umuntu agororotse kukw agororotse azohabga impēra nk’iy’ umugororotsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Umuntu wese yakiriye umuvugishwa kuko ari umuvugishwa w’Imana, azohabwa ingero ihwanye n’iy’umuvugishwa. Kandi umuntu azokwakira umugororotsi w’Imana kuko agororotse, azohabwa ingero nk’iy’umugororotsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 10:41
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho. Ariko n’utamumusubiza, umenye yuk’ utazobura gupfa, mwe n’abawe bose.


Mubgire umugororotsi kw azomererwa neza, kukw azotungwa n’ivyo ibikorwa vyiwe vyāmūje.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Maze na bo bazomwishura, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ ufise inyota, cank’ ur’ ingenzi, cank’ ugenda gusa, cank’ urwaye, cank’ uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera?


Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.


Mwirinde ntimugakorere ivyiza vyanyu mu maso y’abantu kugira ngo babarābe: ni mwagira murtyo, ntimuzogira impēra kuri So wo mw ijuru.


ngo ntubonwe n’abantu ko wisonzesheje, arik’ ubonwe na So aba mu mpisho, kandi So, abona ivyo mu mpisho, azoguhēra.


kugira ng’ ubuntu bgawe bugirirwe mu mpisho: kandi So, abona ibihishijwe, azoguhēra.


Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.


Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.


Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.


Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [


Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ