Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 na Simoni Umunyakananayo, na Yuda Isikaryota, umwe yamugura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 10:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwe muri bamwe cumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru,


arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu.


ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.


Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko.


Maze Yuda yamuguze, abonye Yesu ko bamutsindishije, aricuza, asubiza abaherezi bakuru n’abashingantahe za ntete z’ifeza mirongwitatu,


Kandi Yuda Isikaryota, yar’ umwe muri bamwe cumi na babiri, aja ku baherezi bakuru, ngw az’ amubaronkere.


Buno nyene akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe.


Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe cumi na babiri.


Akivuga, haza igitero kizanywe n’uwitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, abagiye imbere: yēgēra Yesu, ngw amusome.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubga mbere azi abatizera ab’ ari bo, n’ūzomugura uw’ ari we.


Yavuga Yuda Isikaryota, mwene Simoni, kukw ari we yagira az’ amugure, yar’ uwo muri bamwe cumi na babiri.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ