Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 10:16
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati.


kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco.


Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu,


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Kukw ico twirinda ar’ iki, ar’ ic’ umuntu yotugaya kubg’ izi ngabire nyinshi tugabura.


Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya.


Ariko Gedaliya mwene Ahikamu abarira Yohanani mwene Kareya, ati Ntuz’ ukore ikintu kimeze girtyo: kuk’ ubeshera Ishimayeli.


Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.


None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze?


Batanu muri bo bār’ ibijuju, bandi batanu bār’ abanyabgenge.


Arikw abanyabgenge bo, bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo.


Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire.


Ni co catumye nshira abantu inyuma y’uruzitiro, mbashira mu myonga n’ahītārūye, ukw imiryango yabo iri, bitwaje inkota n’amacumu n’imiheto.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ