9 Uziya yavyaye Yotamu, Yotamu yavyaye Ahazi, Ahazi yavyaye Hezekiya,
Mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Yotamu mwene Uziya, umwami w’i Buyuda, yima.
Nuko Uziya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ uwo muhungu wiwe Yotamu asubira ku ngoma yiwe.
Nuk’ umwami Uziya arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene kubg’ imibembe yiwe, kukw atemerewe kuza mu ngoro y’Uhoraho; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo i bgami, agacira abantu bo mu gihugu imanza.
Yotamu yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu aho yima; amara imyaka cumi n’ itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Yerusha, umukobga wa Sadoki.
Hezekiya yavyaye Manase, Manase yavyaye Amoni, Amoni yavyaye Yosiya,
Asa yavyaye Yehoshafati, Yehoshafati yavyaye Yoramu, Yoramu yavyaye Uziya,