Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 hanyuma Isayi avyara umwami Dawidi. Dawidi na we yavyaye Salomo, amuvyara kuri Batisheba yahora ari muka Uriya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:6
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi atuma kubaza uwo mugore uw’ ari we. Baramubarira, bati Si Batisheba mwene Eliyamu, muka Uriya Umuheti?


Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;


na Uriya Umuheti; bose na bose bari mirongwitatu n’indwi.


kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa na Shobabu na Natani na Salomo,


None mu bahungu banje bose (kandi muzi yuk’ Uhoraho yampaye benshi), yatoranijemw’ umuhungu wanje Salomo kuba ari we azovyagira ku ntebe y’ubgami bg’ Uhoraho, akaganza Abisirayeli.


Aba ni bo yavyariye i Yerusalemu: Shimeya na Shobabu na Natani na Salomo, abo ukw ari bane yabavyaye kuri Batishuwa umukobga wa Amiyeli;


Amasengesho ya Dawidi mwene Isayi ararangiye.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu, Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi, Obedi yavyaye Isayi,


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Obedi yavyaye Isayi; Isayi yavyaye Dawidi.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Kandi Dawidi yar’ umwana wa wa Munyefurata w’i Betelehemu h’i Buyuda yitwa Isayi; Isayi yar’ afise abahungu munani; kand’ igihe Sauli yīma Isayi yar’ ashitse mu zabukuru.


Sauli aramubaza, ati Harya uri mwene nde, ga wa muhungu? Dawidi aramwishura, ati Nd’ umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.


ngo bitume mwese mungarariza? Kw ata n’umwe yarushe ammenyesha k’umwana wanje yasezeranye na mwene Isayi, ntihagire n’ūmbabara n’umwe, cank’ ūmmenyesha k’umwana wanje yangararishirije umuntu akamugira umwansi wanje, nk’uko bimeze n’ubu!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ