Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:18
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Ni nde yoshobora gukūra ikintu gitunganye mu canduye? Erega nta wuriho n’umwe.


Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?


Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


at’ Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandābiyemwo kunteturura mu bantu.


aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yar’ akuriwe.


Umuntu ni yasanga umukobga mu gisagara, kand’ ar’ umwigeme yasabge n’uwundi, akaryamana na we;


Ni co catumye, hamwe yaza mw isi, avuga, At’ Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ