Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kuva mu gihe co kwambukanwa i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Bamaze kuva mu buja i Babiloni, Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:12
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ajana ab’i Yerusalemu bose ar’ inyagano, hamwe n’abo mu nda y’ ingoma bose, n’abahizi bose; abāfashwe bose na bose bār’ ibihumbi cumi, hamwe n’ababāji n’abacuzi bose; nta wasigaye mur’ ico gihugu atari ba nyarucari bo hanyuma y’abandi.


Maze mu mwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yehoyakina umwami w’i Buyuda ari mu mugozi, mu kwezi kw’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri n’indwi, Evili‐merodaki umwami w’i Babuloni abohora Yehoyakina umwami w’i Buyuda, amukūra mw ibohero: hāri mu mwaka yimyemwo.


Abo Yekoniya yavyaye ar’ imbohe ni Sheyalutiyeli,


Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.


Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.


Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,


Ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, yuko naho wewe Koniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda woba impeta y’ikimenyetso ku kuboko kwanje kw’i buryo, na ho nyene nogushikura nkagukūraho;


Mbeg’ uyu Koniya n’urwavya rukēngērwa rusāvye? N’urwavya rudahimbaye? N’iki catumye bashiburwa, bashiburirwa mu gihugu batazi?


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwandike uyu muntu kw abaye incike, umuntu atazopfa aroraniwe: kukw ata wo mu ruvyaro rwiwe azororanirwa, ngw asubire ku ngoma ya Dawidi, canke ngw az’ asubire kuganza i Buyuda.


ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni atātwaye, igihe yajana Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ar’ inyagano, amukūye i Yerusalemu amujanye i Babuloni, bo n’abaganwa bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu;


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Maze Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki, hamwe n’amasigarira yose yo mur’ iryo hanga, bumvira ijwi ry’ Uhoraho Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk’ Uhoraho Imana yabo yamutumye; kand’ abantu baterwa n’ubgoba imbere y’Uhoraho.


Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,


rit’ Enda barira Zerubabeli umwe atwara i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’amasigarira y’iri hanga,


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzogusobanura, ewe Zerubabeli musavyi wanje, mwene Sheyalitiyeli, ni k’Uhoraho agize, nguhindure impeta nzohora ndomesha ikimenyetso: kuko nagutoranije, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yosiya yavyaye Yekoniya n’abandi bavukana, mu gihe co kwambukanwa i Babuloni.


Zerubabeli yavyaye Abihudi, Abihudi yavyaye Eliyakimu, Eliyakimu yavyaye Azori,


Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n’icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kwambukanwa i Babuloni n’icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kwambukanwa i Babuloni gushitsa kuri Kristo n’icumi na bane nyene.


Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ