Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Yosiya yavyaye Yekoniya n’abandi bavukana, mu gihe co kwambukanwa i Babuloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 hanyuma Yosiya avyara Yekoniya n’abo bavukana igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:11
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni atātwaye, igihe yajana Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ar’ inyagano, amukūye i Yerusalemu amujanye i Babuloni, bo n’abaganwa bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu;


Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.


Maze Nebuzaradani, umukuru w’abashibamyi, ajana i Babuloni amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mu gisagara, n’abāri bāragiye kumwisaba, n’amasigarira y’abantu bāri bagisigaye, abajana ar’ inyagano.


Abācitse bagakira inkota, uwo mwami abajana i Babuloni, abagira abaja biwe n’ab’ abahungu biwe, gushitsa igihe Abaperesi bashikiriye ingoma,


Ku gacikamvura umwami Nebukadineza aratuma ngo bamuzane i Babuloni, bo n’ibintu vyiza‐vyiza vyo mu ngoro y’Uhoraho; yimika mukuru we Zedekiya ngw abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.


Maz’ amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi, Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi abajana ar’ inyagano.


Yehowahazi yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itatu; ayimarakw amezi atatu ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Hamutali, umukobga wa Yeremiya w’i Libuna.


Ajana ab’i Yerusalemu bose ar’ inyagano, hamwe n’abo mu nda y’ ingoma bose, n’abahizi bose; abāfashwe bose na bose bār’ ibihumbi cumi, hamwe n’ababāji n’abacuzi bose; nta wasigaye mur’ ico gihugu atari ba nyarucari bo hanyuma y’abandi.


Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.


Kuva mu gihe co kwambukanwa i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli,


Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n’icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kwambukanwa i Babuloni n’icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kwambukanwa i Babuloni gushitsa kuri Kristo n’icumi na bane nyene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ