Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Matayo 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Matayo 1:1
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Aya ni yo mamo y’ijuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Uhoraho Imana yaremeyekw isi n’ijuru.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Iki n’igitabo kidōndōra uruvyaro rwa Adamu. Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye;


Uhoraho yarahiye Dawidi indahiro y’ukuri, Ntazokwirahuruza: Ati Nzoshira ku ngoma yawe uwamutse mu bura bgawe.


Nasezeranye isezerano n’uwo natoranije, Narahiye Dawidi umusavyi wanje,


Uruvyaro rwiwe ruzoramba gushitsa ibihe bidashira, Ingoma yiwe izohoraho nk’ izuba imbere yanje.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.


nuko rero nzoca n’uruvyaro rwa Yakobo, n’urwa Dawidi umusavyi wanje, ngo noye gutora mu ruvyaro rwiwe abo kuganza uruvyaro rwa Aburahamu na Isaka na Yakobo; kuko nzotuma bahindukira bakava mu kinyago, kandi nzobagirira imbabazi.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.


Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana,


Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.


ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.


Mbeg’ icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?


Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe,


buvuga ivy’ Umwana wayo, yavutse mu ruvyaro rwa Dawidi mu buryo bg’umubiri,


Kukw atari kubg’ ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’ uruvyaro rwiwe, yukw azoragwa isi yose, ariko ni kubg’ ukugororoka kuva ku kwizera.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze, it’ Imvyaro; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uruvyaro rwawe; ni rwo Kristo.


Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu,


Wame wibuka Yesu Kristo, yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk’uk’ ubutumwa nahawe buvuga:


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ