6 Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.
arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.
Ni co catumye umuvumo utongora isi, kand’ abayibamwo ni vyo bahōwe: ni co catumye ababa mw isi baturirwa, hagasigara abantu b’imparūrwa.
Ijwi ry’ūsemerera, ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho mu bugaragwa, musenere Imana yacu inzira y’iroro mu bgeranyange.
Ni co kizotuma ntētereza abakuru b’ahēra, kandi Yakobo nzomuhindura ikivume, na Isirayeli igitutsi.
ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’ umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose,
Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.
Ni koko, Abisirayeli iyo bava bakagera bacumuye ku vyagezwe nawe, baratambama ngo ntibumve ijwi ryawe; ni co catumye dusukwamw’ umuvumo, bo n’indahiro vyari vyaranditswe mu vyagezwe vya Mose umusavyi w’Imana, kuko twayicumuyeko.
Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo.
Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.
Iki ni co cago Uhoraho azotēza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu: inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo, n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo.
Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.
Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.
Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.
Petero yibutse aramubgira, ati Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye.
Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:
Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.
Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.
Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,