5 Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.
Ijwi ry’ūsemerera, ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho mu bugaragwa, musenere Imana yacu inzira y’iroro mu bgeranyange.
Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.
Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.
Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.
Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.
Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya,
Baramubaza, bati None se bimeze bite? Uri Eliya? Ati Sindi we. Bat’ Uri wa muntu avugishwa n’Imana? At’ Oya.
baramubaza, bati Non’ ubatiriza iki, k’utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n’Imana?
kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?