4 Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.
Vyahimbaye Uhoraho kudūza ivyagezwe no kuvyubahiriza, kubg’ ukugororoka kwiwe.
Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishinga intahe! Ni batāvuga ibihwanye na vyo bazoba mu bgirantibuce.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.
Mbega non’ ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba: ushime turabigumisha.
Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;
Nuko mwiyubare, mwoye kwibagira isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu yasezeranye namwe, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho y’ikintu ic’ ari co cose, Uhoraho Imana yanyu yababujije.
Uhoraho Imana yacu yasezeranye natwe isezerano kuri Horebu.
Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amatēka yiwe ashinzwe, n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi.
Ariko ni mwibagira Uhoraho Imana yanyu, mugakurikira izindi mana, mukazisaba, mukazisenga, uyu musi ndababūriye yuko mutazobura guhona.