Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 4:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Narabatobekeranije, ntibābasha kuvyuka; Mbere bāguye musi y’ibirenge vyanje.


Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.


Witegereze umwibone wese, umusubize hasi, Kand’ ufyonyorere abanyakibi aho bari.


Uhoraho aramira abaciye bugufi: Acisha abanyakibi bugufi, akabashitsa hasi.


Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


Uzokandagira intambge n’ imamba, Uzosiribanga umugunza w’ intambge n’ikiyoka.


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Ibirenge bizogisiribanga, ni vyo birenge vy’impahazwa, hahonyangwe n’ abakene.


Umwami Imana yatītūye abahizi banje bose bāba i wanje; Yarungitse abaza kungirirak’ umusi mukuru ngo bafyonyagure imisore yanje: Umwami Imana yahonyanze umukobga w’inkumi w’i Buyuda, nk’ūganira vino mu bgato.


Kubg’ isinzi ry’ ibicumuro vyawe n’ubugunge bg’ ukudandaza kwawe, wahumanije ahēra hawe; ni co catumye ntuma umuriro uvuye muri wewe ukuyigiza, nkakugira umunyota urunze hasi imbere y’abo wabereye akabarore.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera.


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ