Malaki 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi ku nkombe z’urwo ruzi, hakurya no hakuno, hazomera igiti cose cama ibiribga; ibibabi vyavyo nta ho bizokabirana, kandi n’ivyo vyama nta ho bizobura: bizohora vyera bijana n’ukwezi uko gutashe, kukw amazi abitunga ava ahēra h’urusengero: ivyo vyama bizoba ivyo kurya, n’ibibabi vyavyo bizoba umuti wo kuvūra.