Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 4:2
57 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abarasira nk’umutwenzi iy’ utambitse, Nk’izuba iyo rirashe mu gatondo hatagira agacu, Ubgatsi bukamera hasi, imvura yāguye.


Ni we aharira ibigabitanyo vyawe vyose, Agakiza indwara zawe zose,


Akiza abafise imitima imenetse, Apfuka inguma zabo.


Kuko wewe Mana, wumvise amasezerano yanje: Umpaye umwandu uhabga abubaha izina ryawe.


Imana itugirire ikigongwe, iduhe umugisha, Itwakishirize mu nyonga hayo. Sela.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


N’ukuri agakiza kayo kari hafi y’abayubaha, Kugira ng’ubgiza bgayo bube mu gihugu cacu.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Kand’ umuco w’ukwezi uzomera nk’uw’ izuba, kand’ umuco w’izuba uzokwongerekanywa ibihetangabo ndwi, ungane n’umuco wo mu misi ndwi, ku musi Uhoraho azopfuka ibikomere vy’abantu biwe, akavūra n’inguma yabakubise.


Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’ impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.


Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.


Mvūra, Uhoraho we, nanje ndakira; undokore, nanje ndarokoka: kukw ari wewe shimwe ryanje.


Ariko nzosubira kugukomeza, nzogukiza ibikomere vyawe, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko bakwise uwirukanywe, bati Ni Siyoni, hatagifise ūkihababara.


nti Rāba nzohazanira gukira no kuvūrwa, kandi nzobavūra; nzobahishurira amahoro bo n’ukuri vy’isinzi.


Kandi ku nkombe z’urwo ruzi, hakurya no hakuno, hazomera igiti cose cama ibiribga; ibibabi vyavyo nta ho bizokabirana, kandi n’ivyo vyama nta ho bizobura: bizohora vyera bijana n’ukwezi uko gutashe, kukw amazi abitunga ava ahēra h’urusengero: ivyo vyama bizoba ivyo kurya, n’ibibabi vyavyo bizoba umuti wo kuvūra.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.


Uwo si we wa muco, ariko kwar’ ugushingira intahe umuco.


ati Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo boye kubonesha amaso, no gutahurisha imitima, No guhindukira, Ngo mbakize.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Kuk’ Umwami Imana ari ko yatubariye, ati Ndagushizeho ng’ ube umuco w’amahanga, Kugira ngo n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, wahungiye musi y’amababa yayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ