Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 4:1
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imizi yiwe izokwumira hasi, N’ishami ryiwe rizokabiranira hejuru.


Ukūrah’ abanyakibi bose bo mw isi nk’inkamba ku cuma: Ni co gituma nkunda ivyo wihanikirije.


Kukw inkozi z’ibibi zizorandurwa, Arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa igihugu.


Ubugabe bgawe buhambaye bgatumye utūra hasi abakwināntājeko. Warekuye uburake bgawe, bubatōngōra nk’ibishingwe.


Bābaye bagiteragirwa, bābaye bakibibga, igishitsi cabo cābaye kigishinga imizi hasi, irabahūha, barakabirana, agashururu kabazingazinga nk’ibishingwe.


Ni nde yavyukije ūva i burasirazuba, akāma anesha ukw ashingūye ikirenge? Amugomoreye amahanga, amuha kuganza abami, ayagomorera inkota yiwe iyahindura nk’umukungugu, n’umuheto wiwe uyahindura nk’ibishingwe bikubebga n’umuyaga.


Rāba bazoba nk’ibishingwe, umuriro uzobaturira; ntibazokwikiza inkomezi z’ imbeya zawo; ntuzoba amakara yo kwota, cank’ umuriro wo kwicarako.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru.


Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.


kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Uzoba inkwi z’umuriro; n’amaraso yawe azodēngēra hagati mu gihugu; kandi ntuzosubira kwibukwa ukundi: kuko jewe Uhoraho mbivuze.


Uheze uyitereke ku makara y’umuriro iri gusa, kugira ngw ishuhe cane, umuringa yacuzwemwo uhindurire, imyanda yayo iyiyagiremwo, ngw ingese zayo ziherengetezwe.


Kandi nawe, mukuku wanje, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba, ngira nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi, hagati y’impfizi z’intama n’iz’ impene.


Ehe wa musi, nguyu uraje: igihano cawe kirashitse; inkoni yabaye umusozo, ubgibone buratutuje.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Yamar’ ari jewe naranduye Abamori imbere yabo, uburebure bgabo bgari bumeze nk’ubg’ amasederi, kandi bari bakomeye nk’ibiti vy’imyeloni; ariko nahenebereje ivyo bamye mpereye hejuru, n’imizi yabo, mpereye hasi.


Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.


Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.


Eh’ umusi uraje, umusi w’ Uhoraho, aho bazogabanganira iminyago yawe hagati muri wewe.


Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.


Kand’ azovyagira nk’ uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’ inkamba: kand’ abahungu ba Lewi azobamaramw’ inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi.


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ